Trending

Marahaba Festival yaraye ibaye ku ncuro ya mbere muburundi

Marahaba Festival yaraye ibaye ku ncuro ya mbere muburundi
Marahaba Festival n'isabukuru risanzwe ribera mugihugu ca Tanzanie aho isanzwe ihuza abaririnvyi batandukanye
Marahaba Festival ikaba isanzwe itegurwa n'ishirahamwe rya Marahaba Music Expo
Uno mwaka rero ikaba ari iryambere ibaye mu burundi izanywe nuwitwa Shabani Jam
Ku wa 31 Rusama akaba ariho Iryo sabukuru ryaba iryambere mu burundi aho ryatangujwe n'ingoma ziwacu




Hakaba harabaye kandi n'intambo ziwacu

Iyugururwa ryiryo sabukuru rikaba ryabereye kuri Palais des Arts aho hari hateguwe inyigisho zitandukanye zijanye n'umuziki
Ivyo birori bikaba vyaratewe iteka n'abatandukanye harimwo abaririmvyi, abahinyanyuzi, abamenyeshamakuru, abarwizatunga hamwe n'abasanzwe bakurikiranira umuziki w'uburundi nkuko mubibona kumasanamu










Hakaba kandi harimwo n'abaririmvyi bavuye mubihugu bitandukanye vyo hanze




Inyigisho zikaba zarangiye igihe c'isaha indwi n'igice aho ku mugoroba igihe c'isaha cumi na zibiri vyaciye bibandaniriza kuri Down Town aho habereye igiteramo cahuje abaririmvyi bavuye barikumwe n'abaririvyi ba hano iwacu


Iryo sabukuru rikaba ritegekanjwe gusozerwa uno musi kuri Down Town nyene aho haza kuba kandi igiteramo kiza guhuza abaririmvyi bo ngaha muburundi hamwe n'abaririmvyi bavuye mubihugu bitandukanye bigize isi, turangize rero tubatumirira mwese kuza kwifadikanya nabo muri Marahaba Festival kuri Down Town kuva isaha cumi na zibi z'umugoroba, kwinjira ni ku buntu