Trending

Primusic iragarutse inyuma y'imyaka itanu ihagaze, imiriyoni mirongo ibiri na zitanu nizo zizotangwa kuwuzoba uwambere.

Primusic iragarutse inyuma y'imyaka itanu ihagaze, imiriyoni mirongo ibiri na zitanu nizo zizotangwa kuwuzoba uwambere.


Kuruwu wa 16 Rusama 2019, Ihinguriro Brarudi ryaramutse rtanguza iceze ihiganwa rya Primusic, ninyuma y'imyaka itanu iryo higanwa ritaba


Primusic n'ihiganwa risanzwe riha akaryo abafise ingabirano yo kuririrmba muburundi bwose.
Ihiganwa rya Primusic ryatanguye muri 2012 aho iyambere yatsindiye umuririmvyi Niyinzi Rally Joe, hakurikira umuririmvyi Patient Matabaro muri 2013 na Christian Ninteretse muri 2014


Ihiganwa Primusic ryama rifise abaririmvyi bariherekeza ico bita aba ambassadeurs, uyu mwaka aba ambassadeurs akaba ari umuririmvyi Big Fizzo hamwe n'umuririmvyi Sat-B ariko muri Finale hakazoza umuririmvyi avuye hanze.


Iryo higanwa rero rikazoba mugihugu cose aho rizotangurira kuwakane w'indwi iza igenekerezo rya 23 Rusama 2019 mu ntara ya Kayanza kuva isaha zibiri z'agatondo, bakazoza baratora babiri babiri bazoserukira intara zo hagati mugihugu na munani bazoserukira intara ya Bujumbura, bose hamwe bakazoba ari mirongo ine n'abatandatu aho hazosigaramwo batandatu akaba ari nabo bazoronswa ubushimwe kuva kuwambere azoronka imiriyoni mirongo ibiri na zitanu z'amarundi ( 25.000.000 Fbu ) gushika kuwagatandatu azohabwa umuriyoni umwe w'amafaranga y'amarundi ( 1.000.000 Fbu )



Uyu mwaka umurwi ujejwe gutanga amanota ukaba ugizwe n'abahinyanyuzi babiri aribo Amir Pro na Dj Kolly hamwe n'umumenyeshamakuru Christian Nsavye


Ishirahamwe Brarudi rirahamagarira abafise ingabirano bose kwiyandikisha babicishije kuri sie web yabu no kuri Facebook page yabo ya Primus Burundi, bashobora kwiyandikisha kandi babicishije kuri application yabo usanga muri Playstore.