Buja Music Awards
Buja Music Awards n'ihiganwa rishasha rimaze imisi rivutse rikaba ryashizwe ahabona kw'igenekerezo rya 29 Ntwarante igihe c'isaha cumi muri conference de presse yabereye kuri Star Hotel
Imbere yuko haba iyo Conference de presse , bivanye n'amasanamu Buja Music Awards yashira ahabona, niho habonetse umuririmvyi Vichou aho avykikuramwo nkuko mubibona kuriyo photo
Murino misi rero hakaba haheze imisi itatu Buja Music Awards isohoye urutonde rw'abayirimwo aho umuririmvyi Vichou yashizwe mumice myinshi itandukanye zikurikira kurayo ma photos
Best Collaboration
Best Perfomance
Best RNB/AFRO SONG
Song of The Year
Best Male Artist
Inyuma yo gushirwa muriyo mice itandukanye, umuririmvyi Vichou akaba yaciye asohora aka video aho avuga ko abahaye amasaha 48h kugira ngo abarongoye Buja Music Awards bazobe bamaze gucisha aho baciye mukubasaba ikigongwe
Bika bivurwa ko abarongoye Buja Music Awards bari barandikiye ikete uyo muririmvyi Vichou Love ariko ngo ata nyishu yari bwatangwe