Umuririmvyi Silas Damara yahinduye ubutumwa atanga mundirmbo ziwe, ubu agiye kuza araririmba indirmbo zihesha icubahiro IMANA
Nkuko bivurwa na Silas Damara ubwiwe, ngo hari kuwa Mungu windwi iheze aho yari yatumiwe n'umugenzi wiwe asanzwe asengera murusengero rwitwa Shalom Ministry Burundi , hama ngo ashitseyo bamusaba kuririmba araririmba munyuma aca arafata ingingo yo guhindura ivyo aririrmba akazoza araririmba indirmbo zifasha abantu.
Umuririmvyi Silas Damara akaba yarasanzwe akijijwe aho asanzwe yinjirira murusengero Glorius Church, akavuga ko adahinduye idini canke urusengero, avuga ko ico ahinduye ari ubutumwa agiye kuza aratanga mu ndirimbo ziwe
Tubibutse ko Silas Damara asanzwe arumwe mubaririmvyi batanguye kuriri,ba kera aho yamenyekanye ku ndirimbo zitandukanye nka Carolina, mugisagara, n'izindi... akaba ari murunganwe rumwe n'abaririmvyi nka Big Fizzo, Nziza Desire, Dr Claude n'abandi.
imyaka itari mike akorera, akaba yamenyesheje ko atakizohinduka ngo nubwo ahinduye ubutumwa azoza aratanga mu ndirimbo , azobandanya imirimo yiwe ya misi yose muri Amicale des musiciens ngo nkuko hasanzwe hari n'abandi bakijijwe basanzwe bari muri comité imwe muri Amicale des Musiciens.
Silas Dmara akaba aragiza vuga ko mwimwitega vuba mu ndirimbo ziwe nshasha zizoza zifise ubutumwa
butandukanye ariko buhesha icubahiro izina ry'IMANA