Big Fizzo yavuye mukaruhuko yahoramwo, akaba yagarutse arikumwe n'umutambukanyi wiwe n'umwana wabo
Hari haheze igihe kitari gito umuririmvyi Big fizzo agiye mukaruhuko mugihugu c'ubutariyano aho yagiraniye ibihe vyiza n'umuryango wiwe
Mugihe yari mukaruhuko umuririmvyi Big Fizzo ntiyicaye kuko yarashoboye no kwitabira igiteramo yaratumiwemwo mmububirigi
Mukiganiro BE NEWS gishikirizwa na Spoks arikumwe na Rapha , Big Fizzo kumurongo wa Telephone yarigeze kumenyesha ko ariko arakora amasanamu y'indirimbo yiwe atashimye kuvuga iza ryayo
Kuruwu wa Mungu igenekerezo rya 17 munyonyo 2019, akaba ariho Umuririmvyi Big Fizzo yagaruka mugihugu ciwe c'amavukiro aho yaje azananye n'umutambukanyi wiwe Edith barikumwe n'umwana wabo
Tubamenyesha kandi ko umwana wabo akaba ari iryambere abona uburundi aho musanzwe muzi ko yavukiye mubutariyano
Incuti n'abagenzi bakaba bari basidukanye niyonka kuja kubategera ku kibuga c'indege ca Bujumbura
Big Fizzo akaba ashitse iburundi mugihe hasigaye imisi itarenga itanu kugira yitabire igiteramo kizobera mu rwanda aho azoba agiye gushigikira umuririmvyi mugenziwe Social Moulla
Turamuhaye ikaze umuririmvyi Big Fizzo n'umuryango wiwe mugihugu cabo c'amavukiro