Trending

Juventus iriteguye gutanga imiriyoni 380 kuri Kylian Mbappe

Juventus iriteguye gutanga imiriyoni 380 kuri Kylian Mbappe


Uwahoze ari umukinyi akomeye cane w'ubufaransa Michel Platini yigeze no kurongora ishirahamwe ry'umupira w'amuguru k'umugabane wa buraya(uefa)yahanuye umugwi wa Juventus de Turin wo mu butariyano kugura umukinyi w'umufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 20  bidatevye.Abarongoye umugwi wa Juventus baramenyesheje ko bipfuza cane uyo musatirizi wa Paris Saint Germain.Nkuko amakuru ava mubegereye umugwi wa Juventu abivuga ngo uyo mugwi uriteguriye gutanga amafaranga y'amanyaburaya imiriyoni 380 kugira uronke uyo mukinyi w'umufaransa.Igisigaye n'ukumenya nimba     Mbappe azokwemera kuja mubutariyano.


Mwomenyako igiteye ubwoba umugwi wa Juventus de Turin atari igiciro ca Mbappe ahubwo ngo n'uwurongoye Paris Saint Germain Nasser Al Kheraif kuko ngo yarerekanye k'umukinyi Neymar ko ashoboye kugumya umukinyi naho yoba yipfuza kugenda.


Mubona amahirwe ya Mbappé yo kuja muri Juventus de Turin angana gute?