Trending

MICHAEL SENGAZI yarateye iteka uburundi mukugenwa ko ariwe azohabwa agashimwe " prix RFI Talents du rire 2019 " kuyu mwaka

MICHAEL SENGAZI yarateye iteka uburundi mukugenwa ko ariwe azohabwa agashimwe " prix RFI Talents du rire 2019 " kuyu mwaka




MICHAEL SENGAZI,Umurundi atwenza yaraye agenywe kwariwe azoronswa agashimwe ko gutwenza uyu mwaka 2019 




Wa murundi atwenza mu kinyamazuru,Michaël Sengazi ,yaraye agenywe kwariwe yatahukanye agashimwe" prix talents du rire".Akazogashikirizwa kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 munyonyo 2019 i Abidjan muri Festival du rire.


Tubamenyeshe kwiryo higanwa ryatangujwe na Mamane,uwusanzwe atwenza kwi radio ya bafaransa RFI.



Ako gashimwe kerekana impano yu gutwenza kandi kakaba karonswa abo mu bihugu vya Africa nabo mw'ibahari indiyano na Caraïbes.
Tubibutse kwako gashimwe kagizwe nama euros ibihumbi bine.Ayo nayo akazomufasha kwiteza imbere muri uyo mwuga wiwe.



Uburundi rero akazoba ari ubwa mbere buronkejwe ako gashimwe murico gisata co gutwenza ,mw'isabukuru igira gatanu .Tukaba dutera intege  umurundi wacu,Michaël Sengazi akomeze urwo rugendo rutuma abantu bamererwa neza mu mubiri,kuko gutwenga vyongereza iminsi yo kubaho.