Trending

Uburundi bwakiriwe neza muri Maroc mw'iyugururwa rya Visa For Music aho bwaserukiwe na Shabani Jam

Uburundi bwakiriwe neza muri Maroc mw'iyugururwa rya Visa For Music aho bwaserukiwe na Shabani Jam


Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 20 Munyonyonyo niho hugurwa Visa For Music yuyu mwaka ikaba igira gatandatu


Uburundi bukaba bwaserukiwe na Shabani Jam


Tubibutse ko Shabani Jam ariwe yatanguje Marahaba Music Expo


Marahaba Music Expo niyo yatuzaniye Marahaba Festival ku ncuro ya mbere ngaha mu Burundi aho haje abaririmvyi batandukanye bavuye mubihugu birenga icenda kw'isi, ikazoza iraba rimwe mu myaka ibiri


Marahaba Music Expo kandi ikaba iriko irategura Marahaba Festival National , aho izohuza abaririmvyi bo ngaha gusa, ikazoba igenekerezo rya 31 Nzero mu mwaka wa 2020


Shabani Jam rero muri Maroc akaba yagiye yitwaje ibendera ry'igihugu hamwe n'ifoto y'umuririmvyikazi Bernice The Bell uwatahukanye Isanganiro Award, akaba ari nawe yahiswemwo kugira abe umu ambassadeur wa Marahaba Music Expo


Uburundi rero bukaba bwakiriwe neza cane aho bamwe mubitabiriye baguma batamarira ivyiza vy'uburundi


Kumakuru dukura kuri Shabani, avuga ko uburundi bugiye kuhungikira vyinshi azotumenyesha vuba niyagaruka mu burundi

Fyonda ngaha https://www.youtube.com/watch?v=Tos3bBpeiTY mukurikirane ikiganiro twagiraniye nuwaserukiye uburundi mwumve ivyo twayaze igihe yari mw;iyugururwa rya Visa For Music muri Maroc