Agence Umuringa ifadikanije na IngoMagazine buguruye icese The Um Fashion Week 2019 igiye kubera kuri Hotel Club du Lac Tanganyik
Uyumusi niho Agence Umuringa ifadikanije na Ingo Fashion niho bugurura icese ibirori vyo guhayanisha imideri ico bise "umfashion week" 1è edition
André Hakizimana avuga ati; twatanguye muri 2014-2015 aho bakora ico bita Fashion show" kubwiwe ati n'intambwe kuva kuri Fashion show ukaja kuri Fashion week
Ibirori nyezina bizotangura k'umusi wa 6 bikazoba bigizwe n'ihayanishwa ry'imideri " fashion exposition" hamwe no gutambuka "defilé de mode"
Akabirya nuko hazoba hari abanyamideri batandukanye bavuye no mubihugu bitandukanye
Iryo yugururwa icese rya The UM Fashion Week 2019 rikaba ryabereye kuri Hotele Club du Lac Tanganyika aho bari bakoranije abanditsi n'abamenyeshamakuru
Akanenge nako kahabye nuko ibikorwa vyacere umwanya urenga isaha yose
Tubibutse ko ibirori bizomara imsi ine nkuko mubibona kurino sanamu
Amatike akaba agurirwa mubibanza bitandukanye nkuko mubibona kuriyo sanamu
Murahawe ikaze rero mwese muri The UM Fashion Week 2019