Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 18 Kigarama 2019 niho ku rubuga
ngurukana bumenyi Facebook rw’umugwi Azam Fc haboneka inyandiko ivuga
y’uko umugwi Azam Fc wahisemwo gutandukana n’uwahoze ari kizigenza
w’intamba mu rugamba Ndikumana Selemani kandi impande zose zikaba
zumvikanye .
Bakaba banditse bati :
“Azam Fc iramenyesheje y’uko imaze gutandukana n’uwahoze
ari umusatirizi wayo Ndikumana Selemani inyuma yo kwumvikana impande
zose uko ari zibiri”.
Selemani Ndikumana akaba yiyunze na Azam Fc muri uyu mwaka wa 2019 mu
kwezi kwa Rusama azanwe n’umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije
Azam Fc wamuhaye uruhusha rw’uko yomenyereza amasezerano umugwi
nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars.
Uyo kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Selemani akaba ari umwe
mu bakinyi b’abarundi bamaze gukina mu bihugu bitari bike nk’Urwanda ,
Tanzania , Angola , Soudan , Belgique , Norvege , Qatar , Arabie
Saoudite hamwe na Tanzania.