Trending

Amajonjora ya mbere muri Miss Burundi 2020

Miss Burundi Event ibikorwa vyatanguye gushuha


Kuruyu wambere igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2020 kumusozi Sororezo mu nyubakwa za New Agena Hotel niho haba Amajonjora ( Preselection ) yambere







Abigeme bashika 32 nibo bari bitabiriye ico gikorwa aho hazotorwamwo abigeme 20 bazoja mugice ca kabiri gishira icanyuma ( Demi Finale ) bikaba bizobera kuri Word beach kw'igenekerzo rya 28 Ruhuhuma uno mwaka nyene aho bazoba bariko barondera abigeme 10 bazoshika mugice canyuma ( Finale ), ico naco kikazobera kuri Zion Beach kw'igenekerzo rya 7 Ntwarante 2020.


Ico gikorwa co gutoramwo abo bigeme 20 kikaba kitashoboye kurangira kuruwo musi wa mbere aho gitegekanijwe gusozerwa kuruwu wa gatanu ngaho nyene kuri New Agena.



 Abigeme 20 bazotorwa bazoca basigara muco bita " Boot Camp " aho bazoguma ahantu hamwe kugira  bakurikiranwe , bamenyane bongere bigishwe ibitari bike.


Turangize tubamenyesha ko umurwi ujejewe gutanga amanota urongowe n'umumenyeshamamkuru  Christian Nsavye afadikanije na Ir Laure Nduwindavyi asanzwe ari 1ere Duphine wa Miss Diaspora chine hamwe n'umunyamideri Gloire.