Trending

INKINO ZANYUMA ZA PARALYMPIQUE

Inkino zanyuma za paralympique


Inkino za nyuma za paralympique zihuza abagendana ubumuga kurwego rw,igihugu zabereye mu ntara ya gitega ku magenekerezo yambere na kabiri ruhuhuma 2020.

Abanonotsi bagendana ubumuga bava muntara zose bahuriye kumugwa mukuru w'intara ya gitega ahabereye inkino z'igice ca kabiri gishira icanyuma hamwe n'inkino z'igice ca nyuma.
Izo nkino zikaba zari mumice itandukanye harimwo ugusiganwa,ugutera icumu,ugutera ingasiro hamwe no gutera iminana.Murizo nkino zihuza abagendana ubumuga harakinywe kandi siting volleyball,taekondo,judo na goalball.

Abo bagendana ubumuga bakinye izo nkino bakaba bari mumice itandukanye kuko bagendana ubumuga budasa.Harimwo abatabona n'abafise ubumuga bundi mugabo babona.

Mugusiganwa ku metero ijana(100m) mubigeme batabona Manirakiza Venansie niwe yabaye uwambere
Kumetero amajana abiri(200m) uwambere yabaye Kabura Concessa.
Kumetero amajana ane(400m) uwambere yabaye Irankunda Divine

Kubijanye n;inkino mumigwi muri sitingvolleyball y'abigeme umugwi wa Gakwende niwo watahukanye igikombe utsinze umuco.Mubagabo umugwi wa muzinga niwo wayahukanye igikombe utsinze Gakwende.

Mwomenyako izo nkino zafashwe mumugongo n'ubushikiranganji bw'inkino,ubuserukizi bw'ubufaransa hamwe n'igisoda.Ibirori vyo gusozera izo nkino bikaba vyari vyatewe iteka n'abanyecubahiro batandukanye barimwo umunyamabanga ntayegayezwa w;ubushikirnganji bw'inkino yanatanze utuganuke kur'abo banonotsi bugizwe n'ibirato,imipira yo kwambara niyo gukina.