Trending

Inkino zo kurondera uburyo bwo kwubaka Centre d'entrainement olympique


Dynamo na Gacosmos niyo migwi yatwaye ibikombe munkino zo kurondera uburyo bwo kwubaka ikigo c,inkino za olympique mumugamba muntara ya Bururi.

Umugwi wa Dynamo muri basketball na Gacosmos muri volleyball niyo migwi yatahukanye ibikombe munkino zabereye muntara ya Gitega kur'uyu w'Imana igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2020.Dynamo yatsinze Gymkhana bitoroshe mugihe Gacosmos yatsinze Bisoro ama set atatu kuri abiri.

Muntumbero yo kwegeranya uburyo bwo kwubaka ikigo co kwitegurirako no gukinirako inkino zitandukanye za olympique(Centre d'entrainement olympique) ishirahamwe CNO(Comite National Olympique) mu Burundi rifashwe mumugongo n'uwahoze atwara CNO(General Major Evariste Ndayishimiye)ryarateguye inkino za volleyball na basketball.Abanyecubahiro batandukanye bari bitavye izo nkino bakaba bahavuye biyemeje guterera mur'uyo mugambi:

Fin bank:5.000.000 fbu
Fondation Pax Bdi:5.000.000 fbu
Pascal Barandagiye:2.000.000 fbu
Dieudonne Kwizera:5.000.000 fbu
ADG/Fin bank:5.000.000fbu
Ndimurukundo Hilaire:2.500.000fbu
Imvukira ya Mugamba:400.000fbu
Atletisme/bururi:2.500.000 fbu
Volcano:6.000,000fbu
Academie Le Messager:2.000.000fbu
Musitanterie/Mugamba:200.000 fbu
Ndayizeye Evariste/football des jeunes/FFB:2.000.000bu
Uwaserukiye urwaruka:100.000 fbu

Uwahoze arongoye CNO General Major Evariste Ndayishimiye akaba yaboneyeho kumenyesha abari ngaho i gitega ko umunsi wahariwe Olympique (Journee Olympique) uzohimbarizwa mumugamba ahazokwubakwa ico kigo.

Mwomenyako izo nkino zari zitabwe n'abantu isinzi barimwo abategetsi benshi barimwo Lydia Nsekera arongoye CNO,Umushikiranganji w,Intwaro yo hagati,Abarongoye ama banki atandukanye hatibabagiwe General Major Evariste Ndayishimiye ari nawe yari yafashe mumugongo izo nkino.