Trending

Inyigisho kubajejwe amagara y'imigwi yo micicaro cambere n;icakabiri



Abajejwe amagara y'imigwi mucicaro cambere n'icakabiri mumupira w'amaguru mu Burundi bariko bararonswa inyigisho z'iminsi ibiri

Muntumbero yo kwongereza ubumenyi abajejwe amagara y'imigwi yo mucicaro cambere n'icakabiri mumupira w'amaguru mu Burundi,ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi rishigikiwe n'ishiramwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika CAF hamwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru kw'isi batunganije inyigisho z'iminsi itatu kubajejwe amagara y'imigwi.

Murizo nyigisho hakaba hatumiwe imigwi yo mucicaro cambere Primus ligue hatibagiwe imigwi yo mucicaro ca kabiri Ligue National B.
Izo nyigisho zikazotangwa na Docteur Cyrile asanzwe ari umuhinga yarungitswe n'ishirahamwe ry'umpira w'amaguru muri Afrika CAF afadikanije na Mossin MUPENDA arongoye ikigo c'igihugu c'ubuhinga(Centre Technique National),Docteur Jean Joseph NDAYISHIMIYE na Col Jean Pierre GISHIKIZO.

Kubwa Docteur Desire HABONAYO arongoye igisata c'amagara mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru FFB ngo izo nyigisho zije gukosora amakosa yahora yibonekeza kubibuga bitandukanye kubijanye n'abaganga b'imigwi.Arongerako ati:"Ntamuganga w'umugwi azosubira kuza kukibuga adafise isakoshi(trousse medical) irimwo ibikenewe vyose''.

Murizo nyigisho hakaba hitavye abajejwe amagara y'imigwi barenga mirongo itatu hakiyongerako abajejwe amagara mumigwi nserukiragihugu itandukanye.






Raymond Prosper NIYONKURU/BE TV