Trending

Isanganiro Award 8eme Edition, Indirimbo 20 zamaze kumenyekana

 Isanganiro Award


Isanganiro Award n'ihiganwa risanzwe ritunganywa na Radio Isanganiro, Isanganiro Award ikaba igeze ku ncuro y'umunani ( 8eme Edition )


Isanganiro Award ya 1 yatahukanye umuririmvyi Rally Joe Niyinzi kundirimbo yiwe Reka Ntahe
Isanganiro Award ya 2 yatahukanye umuririmvyi Yoya Jamal kundirimbo yiwe Wiyumva gute?
Isanganiro Award ya 3 yatahukanye umuririmvyi Mkombozi kundirimbo yiwe Urudubi
Isanganiro Award ya 4 yatahukanye umuririmvyi N John kundirimbo yiwe Ndasavy'ijambo
Isanganiro Award ya 5 yatahukanye umuririmvyi Spoks Man kundirimbo yiwe Burundi
Isanganiro Award ya 6 yatahukanye umuririmvyikazi  Vestine Anrison kundirimbo yiwe Vuga
Isanganiro Award ya 7 yatahukanye umuririmvyikazi Bernice The Bell kundirimbo yiwe Iwacu

Mugihe tukirirndiriye kumenya uwuzotahukana Isanganiro Award igira 8, Uno musi wa 4 igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2020, niho indirimbo 20 zamenyekana, izo nazo sizindi ni :

1. Africa by Natacha
2. Ubuyabaga by Titus Da Sailor
3. Sugua by Bantu Bwoy
4. Jugumira by Dr Claude
5. Ufise gute by Natacha
6. Vovota by MB Data 
7. Umbamwo by Esther Nish ft Kidum
8. Numva nshaka by Double Jay
9. Umubabaro by Sat-B
10. Sorry by Vichou 
11. Sugar by Masterland
12. Twimare by Dj Phylbite 
13. Kwetu by Ellys Bwoy
14. Ndabashinye by Aubin Lux
15. Ijambo by Eden Banga
16. Focus by MB Data
17. Oloha by Dj Phylbite ft B-Face
18. Bitu Mingi by Esther Nish
19. Guitar by Lolilo
20. Burundi by N.Pizzo

Tubibutse ko izo ndirimbo 20 ziba ari nyinshi aho zegeranywa zivuye ahatandukanye haba kumaradiyo yose yo mugihugu, kumateleviziyo,  mumazu y'ubutambiro, mumazu ahinyanyura umuziki n'ahandi hatandukanye, uyu mwaka bakaba bari bashoboye kwegeranya izishika indirimbo 223 arizo zavuyemwo izo ndirimbo 20 barabiye kuzagiye ziragaruka kenshi, izo ndirimbo 20 zatowe zica zirungikirwa abahinga batandukanye aho baheza bagatoramwo indirimbo 10 tuzomenyeshwa kw'igenekerezo rya 27 kuno kwezi, izo nazo zikazoca zihiganirwa gushika igenekerezo rya 14 Ntwarante aho tuzorara tumenye uwatahakunye Isanganiro Award igira 8 aho bizobera mukigo ndangamico c'abafaransa ( IFB ).


Tubibutse kandi ko kuruwo musi nyene umuririmvyikazi Bernice The Bell yatahukanye Isanganiro Award igira 7, azoba ariko arashira ahabona Album yiwe ya mbere aho kandi azoca agirako yambika urugori uwuzoba yamusubiriye mukibanza kwinjira akazoba ari kubuntu.

Ntubure gusiga iciyumviro cawe muri Commentaire