Trending

Tsindira 100$ muri Bébé Danse Competition yateguwe n'umuririmvyi John Nini

Bébé Danse Competition


John Nini Ninde?


Amazina yiwe ni Jonathan Nininhazwe n'umuririmvyi w'umurundi asanzwe aba mugihugu ca Danemark


John Nini yakuze akunda gutamba no kuririmba ariko gutamba nivyo yakoze igihe kinini


Mumpera zuno mwaka uheze wa 2019 niho yafata ingingo yo gutangura kuririmba aho yaciye asohora akaririmbo kamwe yakoranye na mugenziwe C.h.i.p mukaririmbo kabo bise Bebe Danse

Akaririmbo Bebe danse karashoboye kubageza kure aho bashoboye kuzunguruka ahatandukanye harimwo no mubuhindi



John Nini akaba yahisemwo no guha akaryo abatamvyi ( Danseurs ) ahoyateguye ico yise Bebe Danse Competition aho uwuzotsinda azoronswa amadorali ijana 100$



Uko ubigenza rero kugira ushobore gutsindira ayo 100$, icambere ni kubanza kugira subscribe kuri Chaine ya Youtube yiwe yitwa " Neza Music " no kumu Followinga kuri Instagram yiwe izina ni " Neza.music " Hama uri umu Danseur utamba agace wifuza mundirimbo yiwe " Bebe Danse " ariko ukagira aka video katarenza umunota ( 1min ) ugaca urungika kuri nezalabel@gmail.com gushika le 25 Fevrier muri kuno kwezi nyene.


Kubatarashobora kubona iyo ndirimbo mwoshobora kuyikurikirana ngaha


Mukurangiza tubamenyeshe ko umuririmvyi John Nini asanzwe afise ico yise Komeza Neza nkuko mubibona ku ma photos





Turangize tubamenyesha ko John Nini yemereye abakunzi biwe ko muruku kwezi kwa gatatu azosohora akandi karirimbo kiwe gashasha, kwirikirana John Nini yifuriza abakunzi biwe Umwaka mushasha abicishije ku mboneshakure BE TV