Trending

MURO SUPPLIERS MURI BEACH SOCCER NGO BARITEGUYE GUTWARA IBIKOMBE

Kuruyu w'Imana haramutse haba inkino za kivandimwe zizotangurira ihiganwa murukino rw'umupira w'amaguru bakinira kumusenyi(BEACH SOCCER) aho haramutse haba inkino zigera kuri zibiri kuruyo musi nyene.

Tubibutseko hari umurwi wa MURO SUPPLIERS, Userukiwe na EL HADJI MUHOZI MASUDY ukaba ufashwe mumugongo n'ishirahamwe ryomugihugu ca CANADA ryitwa Human Concern International.

N'umurwi mushasha ngo witeguye gukora ibishoboka vyose kugiranga uzotahukane igikombe c'ihiganwa hano muburundi eka ndetse hazoze haranavamwo abakinyi benshi babitumwako mu murwi nserukira gihugu wa Beach Soccer nkuko vyemejwe na Captain wuyo murwi wa MURO SUPPLIERS...

Ngo bafise indongozi nziza cane ngo bariteguye kwitanga nogukora ibishoboka vyose kugirango bazoshikane umurwi wabo kure haba mugihugu eka nohanze y'igihugu.

Tubibutseko ihiganwa rya Beach Soccer rigiye kugira imirwi 11 mucicaro ca mbere hamwe n'imirwi 10 mucicaro ca kabiri.