Top10 : Indirimbo Only You by AB Nabil ft Victoria niyo ihejeje gutsinda muri Top10 ya kuno kwezi kuri BETV
Nkuko vyama kumboneshakure BETV mwihiganwa TOP10 buri kwezi twama dutora indirimbo 10 zikiri nshasha aho tuzishira mw'ihiganwa, abantu bagatora baciye kuri *190*4# kubakoresha imihora ya Econet Wirless na Smart Mobile kuva hagati mu kwezi gushika mumpera zukwezi.
Kuno kwezi rero indirimbo cumi zari zagize amahirwe yo guhiganwa zikaba zarizi zikurikira :
1. Me & You by Esther Nish ft
Sat-B Satlight KING
2. Bucece by
MB Data
3. Doctor by Olegue Délégue General
5. Blessing by
Preeze 36
6. N'uhimbazwe by
Fortran Bigirimana
7. Drunk iin Love by
R flow The Cousin
8. Muri Mood by
Dodo Burundi
9. Tubashigikire by
Titus da Sailor
10. Your Body by
Indirimbo yashoboye kugira amahirwe yo gutsinda mbere ikaba yanadutangaje akaba ari indirimbo " Only You " y'umuririmvyi yitwa Ab Nabil asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mu mahanga, akaba yatsinze kumajwi 111
Indirimbo Doctor by Olegue ikaba ariyo yafashe ikibanza ca kabiri kumajwi 22
Me and You by Esther Nish ft Sat-B mukibanza ca 3 kumajwi 10
Bucece by Mb Data mukibanza ca 4 kumajwi 10
Nuhimbazwe by Fortran Bigirimana mukibanza ca 6 kumajwi 7
Blessings by Preeze36 mukibanza ca 7 kumajwi 4
Tubashigikire by Titus da Sailor mukibanza ca 8 kw'ijwi 1
Drunk in Love by R-Flow na Your Body by Bad Man Isi zikaba zatashe ata jwi na rimwe zironse
Nguko uko zakurikiranye :
Indirimbo " Only You " yatsinze ikaba igiye kugirirwa Promotion ukwezi kwose kuri BETV aho izoza iratanguza ibiganiro vyose vy'umuziki bica kuri BETV, tukazogerageza no kumenya neza umuririmvyi AB Nabil uwariwe biciye mubiganiro vyiwe hama tukazobibashikiriza.
Fyonda ngaha mukwirikirane indirimbo Only You mugire ico muyivuzeko
https://www.youtube.com/watch?v=Vp8XI5LoM5Y