Ubutinyanka : isoko ry’ingorane kuri bamwe

 Ubutinyanka : isoko ry’ingorane kuri bamwe ?

Kuja mu buntinyanka ni kimwe muvyerekana ko umwigeme ageze mu bigero. Ariko nkuko bamwe bavuga ko ari umugisha ni nk'uko hari n'abandi bahagirira ingorane zitandukanye, rimwe na rimwe bigashobora gutuma na kazoza kabo kononekara. Muti gute ?
Ukuja mu butinyanka ntawe biteguza. Uri mw’ishure, mw'isoko, muhira ndetse naho hoba mw'isengero, wisanga vyabaye. Mu gihe bigufatiye mu bibanza bihuriramwo abantu benshi eka isoni n’ibimaramare ntibibura. Iciza nuko haba harimwo abantu bakuze bo barabitahura ndetse rimwe na rimwe bakagufasha kwitunganya.
Iyo bishitse rero umwigeme akaja mu butinyanka ari kw’ishure, arahagirira ibibazo.
Niella agira ati : « Twebwe kw’ishure iyo bishitse umwe muri bagenzi bacu akaja mu ma « règles » (ubutinyanka), ico tumufasha turamuha umupira w’imbeho agakenyera kugira ntibise nabi ngo abahungu bahave bamutwenga. Umwe muri twebwe aca amuherekeza gusaba uruhusha, agaheza agataha kwitunganya, ariko kenshi ntaheza ngo agaruke kw’ishure, aza bukeye. »
K’uwutaronse « cotex » , ntivyoroha…
Iyo umwigeme ari mu butinyanka arambara agatambara gatuma atonona impuzu. Benshi nabo bakoresha ubudandazwa mu ma butike, benshi bita « cotex » ubwo nabwo bukaba bugeze ku mafaranga angana 2000 y'amarundi.
Hari abana b’abigeme bivanye n’imiryango barimwo ingene yifashe, bitoroha na gato kuronka ubwo buryo ku kwezi ku kwezi, ivyo rero bigatuma benshi basibira cane ku mashure ; ugasanga umunyeshure buri kwezi asiba imisi igera kuri 5 kubera yabuze udutambara two kwikingira. Atinya gutonda kw'ishure atakambaye canke yambaye akandi gasanzwe kuko yohava asanga yiyononye agahava akamaramara mu bandi banyeshure.
Ingaruka zitaraza
Gusiba 5 buri kwezi bingana 15 mu gice, 45 mu mwaka, umunyeshure aba amaze gusiba amasaha angana gute ? Uwo munyeshure yoronka umwimbu mwiza gute ? Ivyo rero bigatuma abanyeshure bayoberwa ku bwinshi.
Iyo bishitse naho bikamushikira ari mw'ishure, abandi banyeshure bakabibona araheza akagira igikomere ku mutima, kubera isoni no kumaramara bigatuma yigunga akama ari wenyene ndetse bamwe bamwe bishobora gutuma aheba n'ishure kuko yumva menga asubiye kw'ishure bomutwenga cane cane abahungu.
Ubuhumbu biturutse ku kubura « cotex »
Ku mpamvu yo kubura uburyo bwo kugura utwo dutambara two gukoresha mu gihe c'ubutinyanka hari abigeme bahitamwo guca mu zindi nzira kugira baturonke, ntibamaramare.
Bénigne agira ati : « Alida yahize ari umugenzi wanje, iwabo Bari bafise amikoro make, ntiyaronka amahera yo kugura cotex, nawe kubera gutibya kumaramara buri kwezi amahera yo kugura cotex yayasaba umu motari bagendana, jewe maze kubimenya vyarambabaje ndamuhanura ariko ntiyanyumva, naramwereka n’ingene yoshobora gukoresha ubundi butambara akaza arabumesura neza ariko ntavyo yashatse. Niho mu nyuma y'aho yaza gutwara inda, ndamubajije yambwiye ko yayitewe na wa mu motari. Niko kumubaza ingene vyagenze araheza ambwira ko igihe cose yamusaba amahera ya cotex yaca amubwira ati « ndayaguha ariko biheze uzoce uza rero tuvugane » nawe akagira isoni zo kwanka kuko yari azi ko amaze kumuha amahera menshi, niho rero yatwariye iyo nda. »
Umuti woba uwuhe ?
Kuberako abigeme benshi bahura n'izo ngorane niyo mpamvu dutera akamo amashirahamwe nka SACODE asanzwe akora ubutambara bufasha abigeme bari mu gihe c'ubutinyanka, gukora ubutambara bukwiye maze abigeme bakaturonka vyoroshe cane cane abafise amikoro make kugira ngo izo ngorane zigabanuke mu gihugu.
Erica-Diella NIBIMPA
May be an image of one or more people, twilight and body of water