Ingeso mbi z’umuvyeyi : umutwaro uremereye ku mwana


 

Ingeso mbi z’umuvyeyi : umutwaro uremereye ku mwana

 

Abarundi barayamaze bati : «  imbuto itewe ni yo imera » bongera bati : «   impfizi y’intama itendera nka se » . Burya ingeso z’umuvyeyi zaba nziza canke mbi usanga zikurikirana gushika no k’umwana. Hariho igihe mbere umwana ariwe aheza akagira ingaruka kurusha. Tubirabire hamwe.

 

Turamenyereye kwumva kenshi mu kibano abantu bagereranya umwana n’umuvyeyi kubera ingeso izi canke ziriya zabo. Nk’akarorero ukumva ngo «  urya mwana yemwe ni nka se mu gukunda inzoga… » Canke ngo «  Aho uyu mwigeme azokurira, azorusha umwete nyina. » Ivyo vyose babivuga bisunze uko bamubona, yigenza mbere bagaca bashaka kwerekana nimba azomera nk’umuvyeyi wiwe canke ataho bazopfa bahuriye. Mugabo kenshi bakunda kubivuga iyo ari ivyerekeza ku ngeso mbi. Kanatsinda n’abarundi bake bashimagizwa mu butwari, bavugwa cane nyabuna  iyo ari ababegito.

Ntagitumbera aho abandi bakoraniye

Kubera amabi yakozwe na se wiwe, Arnaud* ntacubahuka gutumbera aho urundi runganwe rwiwe ruri. N’umubabaro mwinshi agira ati : «   vyatanguye neza neza kuva igihe mutama ( papa ) arariye mw’ikanivo. Ico gihe hari ku wa mbere isaha imwe n’igice, ndiko ndaja kw’ishure nk’abandi. Niho ngeze imbere nabona ahantu bashengereye nanje nja kuraba. Nuburuye amaso mbona n’i papa wanje aryamye nk’agahinja mw’ikanivo. Amosozi yantanze imbere kuko n’urundi runganwe rwanje niho rwari. Ico nakoze naciye ntaha muhira nta n’ijambo navuze, nashitse nja mucumba ndiyugarana. »

 Nkuko abandanya abituyagira, ngo ivyamutumye atagiturukira aho abandi bari si ukurara mw’ikanivo. Agira ati : «  Kurara mw’ikanevo washaka ntivyari ibintu bimaramaje cane vyotuma ntinya kuja mu bandi. Ibintu nabonye jewe n’amaso yanje  nivyo biteye agahinda. Ibaze nawe kubona umuvyeyi yakuvyaye yiyononako nk’uruhinja, umwanda mukuru na mutoya vyose akigirako. Birababaje. »

Yamara…

Naho Arnaud ivyabaye kuri se vyamukomerekeje, nawe yahavuye ahitamwo inzira mbi  yo kwikuramwo ako gahinda akoresheje inzoga. Ubu ku mutumba muzima ntawutamuzi. «  Arnaud ageze ku gwego rw’aho abura inzira imutahana iwabo kubera ibiyeri na za nzoga bita «  karibu ( inzoga zikaze )»  yishinga. Igiteye ubwoba na gose, n’uko akiri ikibondo kuko nta misi ihaciye akwije imyaka 16. Jeho mpora nibaza ko atazonarongora kuko mu mufuko iwe ubu ntihaburayo uducupa 3 twa Karibu nayo mukaba muzi ko atari nziza ku magara. »  Bivugwa na Alexis umukozi wo mu nzu iwabo. We abona ahubwo ko ayo mafaranga bonona muri ubwo buryo yotuma akoreshwa mu bindi, nko mu bikorwa vy’iterambere ry’urugo. 

Ingeso mbi ntibazivukana, zirigwa

 

Déborah Irakoze umuhinga mu bijanye n’ivyinyifato yemeza ko nyabuna umwana yihweza kandi afata utuntu na ningoga. Asigura ati : «  Umwana iyo abonye umuvyeyi wiwe atanguye kuza araja mu ngeso mbi atavyo yari amumenyereyeko, mu misi yambere biramubabaza akanagira isoni mu bantu zo kwemanga ko kanaka yoba ari umuvyeyi wiwe. Yamara iyo bimaze kuba nk’umugenzo, aramenyera agasigara abifata nk’ibisanzwe, mbere agasigara abona ko umuvyeyi atabigira ahubwo atari umuvyeyi abushitse. Aho, ubwonko bw’iwe buba bwamaze gufata ko iyo ngeso mbi y’umuvyeyi wiwe ari nziza kuri we. Ivyo azoheza akagira bisumba na kure ivyo  umuvyeyi wiwe yakora. » Uwo muhinga, asaba ko  abavyeyi bogerageza  kwitwararika indero y’abana mu kwiherako. Nk’akarorero kwambara bikwiza, kunywa bigerera, kumenya kubana neza n’abandi badatukana. Ngo gutyo umwana araheza akabona indero nziza zirangwa mu nzu iwabo agatako akanazigendera.

* : Yahinduriwe izina

 

Loïc Bienfait CAKWERI