Urukino rw'amakarata : rwahebewe imburakimazi ?


 

Urukino rw'amakarata : rwahebewe imburakimazi ?

Urukino rw’amakarata ni rumwe mu nkino zikinwa aha mu gihugu c’Uburundi. Naho rwemewe n’amategeko, urwo rukino ntirubonwa kumwe n’abantu bose. Nk’iyo bishitse umwana agatangura kurwimenyereza, hariho abavyeyi babikarira cane mbere rimwe na rimwe bakabahana kuko bavuga ngo ni «  irukino rw’ibinebwe ». Twaraganiriye na bamwe n’abandi baragira ico babivugako.

 

Urukino rw’amakarata ni urukino rukinwa guhera ku bantu babiri kuduga. Rukinwa kenshi iyo abantu bashaka kwidagadura kanatsinda ni urukino rusangi ( jeu de société ). Yamara hariho abaca baruhinyanyuramwo akamari navyo bikaba bitemewe n’amategeko y’igihugu cacu. Ku bana rero ni igikinisho ngira akamaro kuko rutuma yiyumvira cane maze ubwonko bwiwe bukaguma ku murongo bukora neza. Ariko hari abavyeyi batavyakira neza, babuza mbere bagahana abana babo iyo bababonanye amakarata canke bumvise ko yamye arayakina.

Ni urukino nk'izindi

Déborah Irakiza umuhinga yanonosoye ivy’inyifato agira ati : «  ikarata ni kimwe mu bikinisho umwana akenera. Iyo azikinye mu mwanya w’akaruhuko atavyigwa canke ibikorwa afise, ntangorane zirimwo. Bisa nabi mu gihe uwo mwana ata kindi gikorwa yosubira gukora agatwagwa umutwe n’izo karata gusa. Aho naho niho hari igikorwa c’umuvyeyi nyamukuru kuko niwe aca amutunganiriza indinganizo y’umwanya gutyo agakina izo karata mu kiringo yamuteguriye. » Uwo muhinga nyene abandanya avuga ko abavyeyi bitobaraza ishinga gucungana n’abana babo gukina ikarata, ahubwo ko bobiyegereza bakabihaniza kutazozihinduramwo akamari kuko gahanwa n’amategeko.

Impano mu mukino…

Délphin Arakaza ni ryo zina ryiwe. Afise imyaka 17. Yiga mu mwaka wa 2 w’inyuma y’ishure nshingiro mu gisata c’ubuhinga. Ikarata zatumye amenyekana mu ntara kubera ubuhinga n’iterabwoba yakoresha ariko arazikina. Ngo kugira ashike aho ageze ubu ntivyamworoheye. «  Natanguye gukunda kuzikina ku myaka 10. Nakunda kuraba aho abakozi bo mu kibano bazikinira. Nanje bitangura kunzamwo bukebuke nsanga natanguye kuzikina ». Naho azikinana ubuhinga, kugira ashike aho ageze ntivyamworoheye kuko  umuvyeyi wiwe ntiyamworohereje na gato. «  Mama umusi wa mbere ambona ndiko ndazikinana n’umukozi w’iwacu yarankubise cane  mbere ahakwa no kwirukana uwo mukozi. Yambwira ko ari urukino rw’imburakimazi, ko ndarwinshinze ataho vyonshikana uretse uburara. Muriyo misi naramwumviye, ariko ntivyankundiye ko nihangana kuko yari impano yanje. Nazibandanije ndazikina mu mpisho. » Babandi ngo Ishavu ry’umuvyeyi riririrwa ntirirara, nyina wa Délphin yahavuye ajijuka arabona ko ikarata zitari muvyotuma umuhungu wiwe aba imburakimazi. «  Nahavuye ndamureka arikinira. Kuko nabona atahana amanota meza, nkabona udukorwa ndamuha twose adukora neza naciye mbona ko ari urukino mu zindi rufasha kwinezereza. Ubu abana bo mu kibano nka bose barazikina kandi n’abavyeyi ntitukibabera intambamyi kuko vyose babigira mu mwanya w’akaruhuko. »

Ni ryari uwo mukino uzana ingorane ?

Nkuko tubibwigwa na Niyokindi Béatrice yanonosoye ibijanye n’amategeko ikarata zimaze kwitwa akamari ntuba ukiri umukino usanzwe kuko uba watakaje ka kanovera ko kuba umukino wo kwidagadura. Agira ati : « Mu gihe bazigize akamari ( jeu du hasard), ikarata ziba zihejeje guta agaciro.ziba zibaye urukino rutemewe n’amategeko kanatsinda ntibaba bakirukinira ahabona. Baja ahikinze hatabonwa nabose.Ni ho haca havukira ubusuma mu miryango kuko ntuheza ngo ukine utashese ( udatanze )amafaranga. Sivyo gusa, imishamirano nayo ntisigara inyuma. Ntihabura ako bapfa bariko barazikina hakayagwa ingumu n’imigere. Iyo uri ntamagara ho,ushobora kuhakura imvune bigakwega n’urupfu.

 

Ico bakunze kwibagira n’uko iyo ufashwe uriko urakina ikarata mu kamari uhanishwa umunyororo utari musi y’amezi atandatu ukongera ugakoreshwa ibikorwa biruhisha. »

 

Jeune journaliste